Umuvugabutumwa Chris NDIKUMANA birangiye nawe ahisemo kugira icyo avuga kurukingo rwa Covid-19

image

Umuvugabutumwa Chris NDIKUMANA, asanzwe akunzwe cyane mu kiganiro KANGUKA, atangaza ko yashimye kuvuga kubimaze imisi bivugwa kurukingo rw’icyorezo cya COVID-19. Kubwe, yemezako urwo rukingo atari ikimenyetso cya antikristo nkuko bikomeje kuvugwa ahatari hake kw’isi yishingikirije ku byanditswe biri mu gitabo cya Bibiliya.

Yagize atiˮ Nagire ndabasobanurire neza ko urukingo rwa Covid-19 atari ikimenyetso cya antikristo.Ibyo mubimenye si ikimenyetso cya antikristo, abavugishwa babwira ko ari ikimenyetso cya antikristo bariko bababwira ibitarivyo binyuranye n’ijambo ry’Imana, nivyo ngire ndabereke, nshaka ko mwemera ijambo ry’Imana. Sivyo ! Ntushobora kwemera ngo umuntu yarose canke yagize Vision uce uvyemera atabikweretse mw-ijambo ry-Imana. Niwemere ibintu akweretse bihagaze mw-ijambo ry-Imana. Bitari mw-ijambo ry-Imana ntuvyemere . Ijambo ry-Imana riravuga ati :ˮnubwo yoba marayika avuye mw-ijuru ababwiye ibintu binyuranye n-ijambo ry-Imana arakavumwa‟ Mwemere ibintu mwisomeye mw-ijambo ry-Imana‟

Chris NDIKUMANA aratomora neza ukwo antikristo azoba ameze hamwe n-igihe ciwe azotangura kwibonekeza :ˮMusomye mu gitabu c-ivyahishuriwe Yohana 19:20, antikristo bamwita igikoko , ico gikoko Yohana yabona si igikoko ni umuntu niwe antikristo. Ni umuntu ariko muri bibiliya mu vyahishuriwe yohana bamuvuga ko ari igikoko.Rero antikristo , azoba ari umuntu w-inyama n-amaraso nkawe nanje ariko azoba afise ubushobozi budasanzwe bwo kw-isi yose. Rero, ingene azoba akora azoba afise umuvugishwa wiwe , akazi kiwe ni ukwumvisha abantu kugira bamwemere. Murashobora gusoma mu murongo wa 20, ngo azokora ibitangaza bidasanzwe, akize ingwara zidakira, abatavyara bavyare , ama cancers akire, ibintu vyishi biteye ubwoba kugira ashobore gukwega abantu mukumenya kirya kimenyetso , banamuhimbaze ,bamwemere ndetse no kumupfukamira bamupfukamire. Bisigura y-uko bazomwemera. Nagombe mwumve y-uko ikidodo canke ikimenyetso ca antikristo si ikintu bagushirako gutyo gusa kugira uronke amagara canke ushobore kugura muri Restaurant, canke ushobore kuvoyagea, sico ! Oya ! Ikimenyetso ca antikristo ni acte spirituel ni igikorwa c-impwemu(umwuka wera) bisaba adoration kuko twasomye natwe ko bazomuhimbaza, bazomushira hejuru , bazomusenga, antikristo azokwigira Imana , Rero nagomba kubamenyesha ko abazokwemera kirya kimenyetso ca antikristo bita bête noire arico 666 azoba ari abamwemera y-uko antikristo ari Imana yabo.wewe uriko uranyumviriza wagize vaccin ya Covid-19, nyimba utigeze wihakana Yesu, nyimba batagusavye ko wihakana Yesu hama wemere antikristo,ni ukuvuga si ikimenyetso ca antikristo, ntushobora kuronka ikimenyetso ca antikristo utabanje kumwambaza canke kumwemera nk-umwami wawe canke imana yawe , ibi vya technologie biriko biraba ni impwemu ziwe, ni imyiteguro yiwe kuko imbere y-uko Yesu aza Yohana yaraje gutegura inzira, rero, imbere y-uko antikristo aza hategerezwa gutegurwa inzira. Hariho inzira ziriko zirategurwa, ariko impwemu yiwe, umwuka wiwe n-uno musi ariko arakora. Ushobora kwibaza igituma antikristo atagaragara, kuberiki akora yinyegeje ? Ni kubera igihe ciwe ntikiragera, igituma kitaragera hariho ikintu kimubuza gukora kugaragara, afate abantu abashiremwo ico kimenyetso ku nguvu, abice, ababuze gufungura , ababuze kugura .Igituma atabikora ni uko hari ikintu kimubuza, ico naco si ikindi ni ishengero rya kristo, uno musi ishengero rigihari antikristo nta bushobozi afise bwogukora ku mugaragaro.Impwemu yiwe yamye ikora,nubu irakora ariko ntafise uburenganzira bwokugaragara, ariko igihe ciwe kigeze azogaragara‟

Our Latest Blog

Igisubizo Sarah Uwera Sanyu uzwi cyane muri Ambassadors of Christ...

Ubwo umuhanzikazi akaba n’umuririmbyikazi wa Korali ambassadors of Christ ubwo yari mukiganiro The choice kiyoborwa na M. Irene ndetse na Phil Peter kuri televiziyo ya Isibo tv ku italiki ya 25...

Pasteri Zigirinshuti Michel yongeye guhagarikwa amezi...

Itorero ADEPR ryahagaritse Pasiteri Zigirinshuti Michel mu gihe cy’amezi atatu atabwiriza kubera amagambo yavuze ubwo yari yatumiwe mu gitaramo cyabereye muri Paruwasi ya Nyarugenge. Iki gitaramo...

Bimwe mubyaganiriweho ubwo Perezida Joe Biden yahuraga na Papa na...

Papa Fransisiko yakiriye kandi agirana ibiganiro na perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden. Baganiriye ku bibazo by’ubukene ku isi, imihindukire y’ibihe, n’icyorezo cya Covid 19. Ku...

"Gospel ntabwo ari ikintu wahubukira, ariko iyo album ya Gospel...

Umuhanzi ukunzwe cyane uzwi ku mazina y’ubuhanzi nka Bruce Melodie yongeye kwemeza ko agifite umugambi wo kuzakora Album ya Gospel. Ibi yabitangaje mu kiganiro giheruka kizwi nka The Choice...